#570
Rwanda
Keymaster

N’umubabaro kubarundi kuko bubuze umugabo w’ijunja n’ijambo umugabo y’akoze ibikorinka mumakungu n’omugihugu c’iwe c’uburundi .

Antime agiye tukimukeneye umutimbo rurangiranwa.

Tubibutse ko antine amagara y’iwe y ari y’ifashe n’abi aho y’ararwariye mubitaro biri aha mugisagara ca Bujumbura kuri hôpital roi khaled mukamenge .

Tubabajwe n’urupfu gwiwe y’andikiwe kuja kw’ivuriza mugihugu c’ubuhindi ariko suko vyagenze bivanye no kubura uburyo aca avurizwa aha muburundi .

Antime apfiriye ukuboko kwabagabo afise imyaka 91 (91 ans).

Uburundi bwabuze inararibonye mu karanga k-ingoma mu Burundi.

Umutama akaba n-umuvuzi w-ingoma Antime Baranshakaje yaraye yitavye Imana mw-ijoro ry-uyu w- Imana mu bitaro vyitiriwe umwami Kaled mu Kamenge.

Antime Baranshakaje yaramenyekanishije Uburundi mu makungu abicishije mu karanga k-ingoma.

Antime Baranshakaje,umunya Gishora mu ntara ya Gitega,yari amaze amezi arenga ane agwarijwe mu bitaro,abanganga bakaba bari bamwandikiye ko ajanwa mu bindi bihugu kuvuzwa.

Murumva n’ibintu bibabaje.

Imana imwakire mubwami bwayo .

R.I.P antime ugiye uburundi bukigukeneye

 

paulkagame.info