#758
Rwanda
Keymaster

NDAVUGA NKAVURA!
==================
Umuvyeyi umwe yabwiwe n’Umuhungu wiwe ati: «Mama ndagukunda wallahi!» ???? ????aca amusubiza ati: « ????Mwana nanje ndagukunda kibondo canje,!» ????Wa muhungu arasubira ati : «Maman , ubu naronse amahera, kandi menshi caaaane kuburyo nashaka umbwire ico nokuriha kubintu wankoreye vyoooose kuva mva munda yawe!» ???? ????! Umuvyeyi nawe ???? ????ati: «Sawa!!! Jewe ndagusavye tuzoje i #Makamba ndakwereke ikintu uzongurira yo!» ???? ????Umuhungu nawe ati sawa ???? ejo mugatondo inkoko niyo ngoma tuzogenda! ???? ???? ???? ???? ???? ????

Bukeye baranywa icayi bafata imodoka ya wa muhungu, batangura urugendo! Bugingo bagihaguruka bavuye mu rugo Umuvyeyi aca atangura gusesemwa kugeraho adahwa muri yamodoka ya wa Muhungu wiwe ???? ????wamuhungu arashavura cane kubona Mama wiwe adahwa mu modoka yiwe, aramukankamira n’ishavu n’akantu ati: « ???? ????Urabona ingene unyononeye imodoka?»

???? ????Wa muvyeyi ati mbabarira mwana reka tubandanye urugendo. Bageze mu #Kanyosha wa muvyeyi ati hagarara gato nsubire nitegereze kuri rya buye rya Living Stone ndahaheruka kera ndaharabe kandi mwana! Wamuhungu atangura kuraba isaha aca arakankama ati amasaha aratujanye yo kuja i Makamba!

Barasubira mu modoka baragenda, bageze mu #Gitaza arasubira aramubaza ati: «Aha bahakoreriki ga mwana? » Wamuhungu n’ibishavu aramwishura ngo aho ga mama ntubona ko ari mwisoko?

???? ????Umuvyeyi arasubira abona igipine c’ipikipiki caheze kiri impande ya Pharmacie ati; «ntorera kirya gipine ndagikeneye!»
???? ????Noneho aramuhatsa amukankamirira muri ryasoko ati:

«Ico ukijana he ko atamodoka yanje kijamwo?Ati kandi ntusubire kungora kandi wancereje iyo tuja kandi urabizi ???? ???? ???? ????»
.
Nuko, wamumuvyeyi yitegereza n’agahinda kenshi ingene umuhungu wiwe yababaye yiyibagije ivyo nawe yamukorera akiri uruhinja, aramubwira ngo amugumbire, maze arabwira ati:

«Mwananje, sinashaka ivyo wongurira ngo undihe ivyo nagukoreye vyose, ahubwo nashaka kuraba ko wibuka no kukwibutsa uko wahora ungora unsaba aka nakariya ungora; ushaka ibere n’ ibindi kandi nguhetse ku mugongo wanje, ukanyonona nkihanagura, nkaguhanagura maze ngahora; nkama ngukunda; unyonga amapine yaheze, ukazana iyarara aho nakubuye nkihangana! ???? ???? ariko raba wewe bikubayeko amasaha abiri uhatswe kunyica kubera kutiyumvira! Ntaco ufise wompa atari ukunyubaha gusa no kwama wibaza ingene warumeze ukiri uruhinja!»
.
Uhakuye ikihe cirwa uko ungana kose n’icubahiro ntazi woba ufise?

paulkagame.info