#368
Rwanda
Keymaster


???? BUJUMBURA Mairie

???? Abayerera mu gisagara ca Bujumbura,abasegerereza n-abagore bakora umwuga w-ubusambanyi bagiye gutuzwa mu kiringo c-ukwezi.

???? Fredy Mbonimpa umukuru w-igisagara ca Bujumbura amenyesha ko ikiringo c-amezi 6 catanzwe n-umukuru w-igihugu kugira abayerera mu gisagara batahagira akazi,abasegerereza n-abana bo mw-ibarabara babe basubijwe iyo baje bava carangiye.Uwo mutegetsi wa Mairie avuga ariko muri ico kiringo,abasubijwe iwabo bagaruka binyegeje,bakaba basubiriye kwibonekeza mu gisagara.
Amenyesha ko mu kiringo c-ukwezi kumwe bazoba bamaze gutuza mwene abo bantu,abazofatwa bagarutse bakazofatwa nk-abagarariji,bakazobanza kubandika no kubafotora.

???? Umukuru w-igihugu Petero Nkurunziza yaribukije ba buramatari ko ikiringo c-amezi atandatu kugira mwene abo bantu batuzwe mu bisagara,basubizwe mu makomine baturukamwo carangiye:abo bantu basabwa kwitaba ibikorwa bibateza imbere n-aho baba.

paulkagame.info